UKUREKURIRA ABATUGIRIYE NABI NTIBISOBANURA KWIBAGIRA

 

Nuko rero, nk’uko bibereye abatoranijwe n’Imana bera bakundwa na yo, mwambare umutima w’ikigongwe, ineza, ukwicisha bugufi, ugutekereza n’ukwihangana, mwihanganirana, muharirana, iyo umuntu agize ico apfa n’uwundi. Nk’uko Umwami wacu yabahariye, namwe mube ari ko muharirana. Ikigeretse kuri ivyo vyose mwambare urukundo, ni rwo mugozi uzana gutungana. Kandi amahoro ya Kristo aganze mu mitima yanyu (Abakolosayi 3: 12-15)

Image result for la crucifixion de jesus

Aha, Paulo ntavuga kwibagira. Subiramwo usome neza: « Nuko rero, nk’uko bibereye abatoranijwe n’Imana bera bakundwa na yo, mwambare umutima w’ikigongwe, ineza, ukwicisha bugufi, ugutekereza n’ukwihangana, mwihanganirana, muharirana, iyo umuntu agize ico apfa n’uwundi ». Kuko ingabirano yo kwibuka ivyatubayeko canke ivyabaye muri kahise, n’Imana iyiha umuntu uwariwe wese. Na Yesu mw’ijuru ntiyibagiye abamugiriye nabi. Handitswe ngo « Kandi bamubajije, bati izo nguma ziri mu biganza vyawe n’iz’iki? Nawe azokwishura, ati N’izo nakomerekeye mu nzu y’abakunzi banje (Zekariya 13: 6).

Gusa, abantu b’Imana barihangana. Kandi kwihangana biri mu maraso y’abakobwa n’abagore cane, gusumvya abagabo. Naho abagabo badakunda kurira, hariho ibintu bibagora kwihanganira. Nico gituma bihutira guca imanza, ndetse bamwe bakazicira uko bumva.  Iyo rero bavuze ko ikintu ucihanganiye, ntikiba cazimanganye, mugabo kiba kikuremera, ariko ukacihanganira. Abo mu rugo rwacu canke ababanyi incuti n’abagenzi, dutegerezwa kubihanganira muri vyose, nivyo iri jambo ry’Imana ryavuze ngo « mwambare umutima w’ikigongwe, ineza, ukwicisha bugufi, ugutekereza n’ukwihangana, mwihanganirana, muharirana, iyo umuntu agize ico apfa n’uwundi. Nk’uko Umwami wacu yabahariye, namwe mube ari ko muharirana ». Iri jambo ngo « Nk’uko Umwami wacu yabahariye, namwe mube ari ko muharirana » ni ryiza. Kuko Umwami wacu yatwihanganiye muri vyose, adusaba guharira abatugiriye nabi gushitsa kw’iherezo; aravuga ngo « Jeho sindakubwira yuko ugeza indwi, ariko ugeze indwi indwi gushitsa incuro mirongo irindwi. »Na Data wo mw’ijuru ni ko azobagirira, ni mutaharirana, umuntu wese ngo aharire umuvukanyi wiwe bivuye mu mutima (Matayo 18: 22, 35).

Erega uwo ni wo musaraba twahamagariwe kwikorera. « Harahiriwe umuntu yihanganira ibimugerageza, kuko ni yamara kurama azohabwa igitsibo c’ubugingo, ico Imana yasezeraniye abayikunda (Yakobo 1: 12). Uhoraho akugirire neza aguhe kwihangana. Bisaba ubutwari, ariko nivyo bizana urugori rw’ubugingo, mw’izina ryera rya Yesu. Amen.

Publié dans : Non classé |le 14 février, 2017 |Pas de Commentaires »

Vous pouvez laisser une réponse.

Laisser un commentaire

ni Ombre ni Lumière |
SALAFYA |
Le Blog de la Médit' |
Unblog.fr | Annuaire | Signaler un abus | Islam
| ANGULO - OVVERO UNA CASA DI...
| anneecalvin2009